[Rwanda Forum] Igisirikare c'Ibihugu 12 Gitera Ivyatsi Inyifato y'Abasirikare ba Myanmar

Igisirikare c'Ibihugu 12 Gitera Ivyatsi Inyifato y'Abasirikare ba Myanmar 
Igisirikare c'Ibihugu 12 Gitera Ivyatsi Inyifato y'Abasirikare ba Myanmar

Igisirikare c'Ibihugu 12 Gitera Ivyatsi Inyifato y'Abasirikare ba Myanmar

Abakuru ba gisirikare b'ibihugu 12 birimwo Reta Zunze Ubumwe z'Amerika baraye basohoreye hamwe itangazo ritera ivyatsi ico bise inguvu igisirikare ca Myanmar gikoresha, ku banyagihugu baharanira mu mahoro Demokarasi yabo.

Iryo tangazo ryasinywe n'abakuru b'ingabo za Amerika, Austrariya, Canada, Danemark, Ubwongereza, Ubugiriki, Ubudagi, Ubutaliyano, Ubuyapani, Ubuholandi, Koreya y' Epfo na Nouvelle Zelande. Ntibimenyerewe ko abategetsi mu vya gisirikare baja hamwe batera ivyatsi ibikorwa vy'igisirikare kanaka.

Abakuru b'ingabo z'ivyo bihugu muri iryo tangazo babwiye bagenzi babo bo muri Myanmar ko "Igisirikare kinyamwuga kibwirizwa kwisunga amategeko mpuzamakungu, kigakingira abanyagihugu aho kubaburabuza." Abo bategetsi basavye bagenzi babo kuvavanura n'ico bise inguvu zidakenewe bakoresha, bakagarukana icizere n'icubahiro batakaje mu banyagihugu bivuye ku nyifato bamaze imisi bagira."

Abandi bategetsi biyamiriza inyifato y'abasirikare muri Mynmar, barimwo umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres. Agaruka ku barenga 110 biciwe mu myiyerekano y'ejo ku wa gatandatu, Guterres yavuze ko bibabaje cane, kandi atari ivyo kwihanganira. Muri abo barenga 110 baraye baguye mu myiyerekano, harimwo abana n'imiyabaga.

Itororokanirizo ry'amakuru y'Abongereza, Reuters, naryo ryemeza ko ejo ku wa gatandatu abasirikare bari ku ruhande rw'abatembagaje ubutegetsi bakoresheje utudege duto tw'ingwano mu kuburizamwo imyiyerekano y'abanyagihugu babandanya kwiyamiriza itembagazwa ry'ubutegetsi ryakozwe n'abasirikare mu ntango z'ukwezi kwa kabiri uyu mwaka.



###
"Hate Cannot Drive Out Hate. Only Love Can Do That", Dr. Martin Luther King.
###

No comments:

Post a Comment

[Rwanda Forum] France-Afrique: quand Emmanuel Macron donne des directives au prochain président de l'Union Africaine et Médiateur dans le conflit Rwanda-RDC.

Hungry for Truth, Peace and Justice: France-Afrique: quand Emmanuel Macron donne des directives au prochain président de l'Union Africai...

Subscribe to Rwanda Forum Google Group